Uko wahagera

Somaliya: Igitero ca Bombe Cishe Abantu 4


Abasivile 4 barishwe muri Somaliya abandi barenga 15 barakomereka mu gitero ca bombe cabaye mu gihe abantu bariko bahimbaza umusi mukuru w’ukurangiza iramazani wa Eid al Fitr hanze y’igisagara ca Baidoa.

Babiri mu bapfuye ni abana. Iyo bombe yaturitse mu masaha yo ku mutaga ku musi w’Imana igihe abantu bariko baratamba mu kibanza kiri hafi y’ikambi y’abavuye mu zabo mu buraruko bw’igisagara ca Baidoa.

Somaliya yahimbaje umusi w’ukurangiza iramazani wa Eid al Fitr ku musi wa gatandatu. Yamara ibirori vy’ukurangiza ico kiringo vyarabandanije mu kiringo c’imisi itatu nkuko biba hisunzwe imico ya kiyislamu.

Umutegetsi ajejwe umutekano avuga ko bombe yari yatezwe imbere y’ibirori vy’umusi ugira kabiri wo ku w’Imana.

Mu gitondo c’ejo ku w’Imana, Ali Hersi Barre, umutegetsi mukuru mu gipolisi yararusimvye mu gitero ca bombe yari yatezwe kw’ibarabara cari kigenewe imodoka yarimwo ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho.

Yarashoboye kurusimba hamwe n’abajejwe kumukingira.

Ikindi gitero ca bombe yari yatezwe kw’ibarabara carageragejwe ku modoka yarimwo kw’italiki 20 z’ukwezi kwa gatanu. Ico gihe ntiyari muri iyo modoka. Yamara umwe mu bakingira ubuzima bwiwe yarishwe, abandi 3 barakomereka.

Ntawiyitiriye buno nyene igitero co ku musi w’Imana. Yamara abategetsi bajejwe umutekano bikeka ko umurwi al-Shabab uri inyuma y’igitero co ku musi w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG