Uko wahagera

Amerika Isaba Abarundi Kwirinda Gusotorana Inyuma y'Amatora


Icegera c’umunyamabanga mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika ku mugabane w'Afurika,Tibor Peter Nagy Jr.
Icegera c’umunyamabanga mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika ku mugabane w'Afurika,Tibor Peter Nagy Jr.

Reta zunze ubumwe za Amerika zirashima amatora yaraye atunganijwe mu Burundi. Icegera c’umunyamabanga mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika ku mugabane w'Afurika, Tibor Peter Nagy Jr, mu butumwa yashikirije kuri uyu wa gatatu asaba Abarundi kubumbatira amahoro muri ibi bihe vy’amatora. Ku rubuga rwiwe rwa Twitter yagize ati:

"Dusaba Abarundi kuguma kuco biyemeje co kubumbatira amahoro muri aya matora yabaye agana kuri republika ishingiye kuri demokarasi no kuba bitabiriye aya matora". Asaba kandi impande zose zerwa n’ayo matora kwirinda ico cose cobatera gusotorana mu misi iri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG