Uko wahagera

ONU Ihanura Isirayeli Kutikebera Igice ca Cisjordaniya


Abasirikare ba Isirayeli bazibira abanyepalestina bari mu migumuko i Beita hafi ya Nablus, kw'itariki 02/03/2020.
Abasirikare ba Isirayeli bazibira abanyepalestina bari mu migumuko i Beita hafi ya Nablus, kw'itariki 02/03/2020.

Intumwa ya ONU mu biganiro bigamije kurondera amahoro mu karere ko mu buseruko bwo hagati yasavye Isirayeli kuri uyu wa gatatu guhagarika umugambi wayo yo kwiyomekerako igice kinini ca Cisjordaniya.

Uwo mudiplomate, Nickolay Mladenov yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko mu gihe Isirayeli yobikora yoba irenze ku mategeko mpuzamakungu.

Reta nshasha ya Isirayeli yarahiye ku munsi w’Imana kandi irongowe n’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu, yashikirije ko igambiriye gufatanya kuri Isirayeli ibice 30 kw’ijana vya Cisjordaniya.

Intumwa ya Amerika Kelly Craft ahamagarira abanyesirayeli na n’abanyepalestina kwicara hamwe bagatorera inyishu ibibazo bafise

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG