Uko wahagera

Abagarariza Kwambara Udupfukamunwa Barafunzwe muri Kameruni


Igiporisi muri Kameruni kiramaze gufunga abantu baharurwa mu majana bahorwa kutambara udupfukamunwa two kwikingira COVID-19 mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi. Ni mu gihe abandura uwo mugera barushiriza kwiyongera.

Umutegetsi mu giporisi, Oswald Ateba yashikirije ko bafashwe kw’itegeko rya reta ko umuntu wese aja mu bibanza vya benshi abwirizwa kwambara agapfukamunwa.

Umuvugizi wa reta ya Kameruni, Rene Emmanuel Sadi yashikirije ko reta iriko irahangana kandi n’abantu binuba abagaragaye ko banduye hamwe n’abakize, uwo mugera kandi ko kuwandura atawe vyotera isoni.

Kameruni imaze kuronka abashika 3 000 banduye n’139 bamaze gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG