Uko wahagera

Burundi: Urupfu rwa Jackson Simbananiye Rubazwa Nde?


Kirahwata
Kirahwata

Inyuma y’urupfu rw’umugwizatunga Jackson Simbananiye, batazira Kirahwata mu Burundi, abemeza ko babibonye basiguye ko nyakwigendera yoba yanyurujwe n'abantu batandatu bambaye impuzu z'igipolisi igihe c'isaha zibiri z'ijoro kuri uyu wa gatatu.

Isoko y’Ijwi ry’Amerika ryasiguye ko yoba yaranyurujwe avuye muri sona muri zone Rohero ya komine Mukaza asanzwe abamwo. Ababonye ikiziga ciwe bavuga ko cari gifise ikiziriko mw'izosi bisigura ko Simbananiye yoba yishwe anigishijwe umugozi.

Ubushikiranganji bw'umutekano bwatangaje kuri uyu wa kane ko amatohoza kuri ubwo bwicanyi yatanguye. Pierre Nkurikiye abuvugira yasiguye ko umuntu umwe yamaze guhagarikwa ku mvo z'amatohoza.

Jackson Simbananiye, umwe mu bavunjayi ba kera muri uwo mwuga, mu kwezi kw’icenda kw’umwaka uheze yarapfungiwe mw'ibohero rikuru rya Mpimba. Ico gihe yagirizwa n’ubutungane kuba yaranse gushira mu ngiro ingingo y'ibanki nkuru y'igihugu igenga ivunjwa ry'amafaranga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG