Uko wahagera

Ubulayi Bwiyemeje Kwugurura Imbibe Kuri Bamukerarugendo


Urubibe hagati ya Norvene n'Ubusweda
Urubibe hagati ya Norvene n'Ubusweda

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya ryatangaje kuri uyu wa gatatu umugambi waryo wo gufasha abanyabulaya kugarukira igisata ca mukerarugendo casinzikaye inyuma y’amezi abantu batabasha gusohoka kubera ingingo za COVID-19.

Inama yahuje abakomiseri bw’uwo muryango kuri uyu wa gatatu i Buruseli mu Bubiligi yemeje ko ibihugu bihana imbibe bifise ibisata vy’ubuvuzi bikomeye bikwiye gutangura kwugururanira imbibe.

Ubudagi bwatangaje ko inyuma yo kuganira n’ibihugu bibanyi, bwahisemwo kwugurura imbibe buhana n’Ubufaransa, Luxembourg, Ubusuwise na Autriche.

Uwo muryango usaba ko ingingo zikomeye zofatwa zirimwo gushiraho ibipimo bikwiye no gukurikirana abantu kugira bamukerarugendo ntibatinye kuja mu mahoteli no mu bibanza vyo kwinezerezamwo vyo mu bihugu bibanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG