Uko wahagera

Abashika 40 Barishwe mu Bitero Bibiri muri Afuganistani


Abategetsi muri Afuganistani batangaza ko abantu baharurwa muri 40 bishwe abandi bataramenyekana igitigiri barakomereka mu bitero bibiri vyabereye mu gihugu. Ica mbere ni bombe y’umwiyahuzi yaturikiye aho bariko barapfuba umuntu mu ntara yo mu buseruko. Ica kabiri cakozwe n’abarwanyi bateye ku bitaro ku murwa mukuru Kabul.

Abatalibani baciye bihuta kuvuga ko ivyo bitero vyo kuri uyu wa kabiri bitababazwa, bavuga ko umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu ari wo woba wabikoze.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wariyemereye igitero co kuwa mbere i Kabul, cakomerekeje abantu bake.

Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani, yaciye ategeka abajejwe umutekano gusubira kurwanya Abatalibani kuko banse kwumvira akamo ko guhagarika intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG