Uko wahagera

Umutaliyanokazi Yari Yaranyurujwe muri Somaliya Aridegemvya


Silvia Romano acungerewe n'abajejwe umutekano agishika ku kibuga c'indege i Roma mu Butaliyano. Kw'italiki 10/05/2020.
Silvia Romano acungerewe n'abajejwe umutekano agishika ku kibuga c'indege i Roma mu Butaliyano. Kw'italiki 10/05/2020.

Umutaliyanokazi akorera ishirahamwe ry’abagiraneza yari yaranyururijwe mu karere kagenzurwa n’umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab muri Somaliya ubu aridegemvya.

Silvia Romano yashitse i Roma mu Butaliyano kuri uyu w’Imana inyuma yo kurekurwa hanze y’umurwa mukuru Mogadishu ku munsi wa gatandatu.

Abategetsi ba Somaliya bajejwe umutekano babwiye Ijwi rya Amerika ko Romano yatowe mw’ishamba hafi y’igisagara ca Afgoye, ku birometero 30 mu burengero bwa Mogadishu. Uburyo yarekuwemwo ntiburamenyekana.

Romano, yakorera ishirahamwe ry’abagiraneza b’Abataliyano imbere yo kunyuruzwa n’abantu bitwaje ibirwanisho mu kwezi kwa cumi na kumwe muri 2018 muri komine ya Kilifi muri Kenya. Ingene abo barwanyi bamutwaye muri Somaliya ntibiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG