Uko wahagera

RDC: Indyane z'Amoko muri Ituri Zatumye Imiliyoni 5 Bata Ingo Zabo


Igisata ca ONU kijejwe impunzi, HCR gishikiriza ko imiliyoi zitanu z’abanyagihugu bakuwe mu ngo zabo muri Republika ya demokarasi ya Kongo. Muri abo umuliyoni 1.2 ni abo mu ntara ya Ituri.

HCR ishikiriza ko indyane zifatiye ku moko hagati y’abarimyi bo mu bwoko bw’Abalendu hamwe n’aborozi bo mu bwoko bw’Abahema zibandanya kwiyongera.

Abagenduzi ba ONU batohoje ko agateka ka muntu kahungabanijwe incuro zirenga 3000 muri teritware ya Djugu, ibamwo Abahema mu minsi 60 iheze. Umuvugizi wa HCR, Charlie Yaxley avuga ko ibitero hafi 50 ari vyo biba ku munsi ku munsi kuri abo banyagihugu.

Amoko y’Abalendu n’Abahema yamye ashamirana kuva kera bapfa ubutare bw’inzahabu na peteroli biri mu butaka bw’iyo ntara yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG