Uko wahagera

COVID-19 muri Perezidanse ya Amerika


Perezida Donald Trump yishura ibibazo vy'abamenyeshamakuru kuri COVID-19 muri White House. Washington, itariki 16/03/2020.
Perezida Donald Trump yishura ibibazo vy'abamenyeshamakuru kuri COVID-19 muri White House. Washington, itariki 16/03/2020.

Abategetsi b’igihagararo gikomeye mu gisata c’amagara y’abantu muri perezidanse ya Amerika bahisemwo kwishira mu kibanza ca bonyene inyuma yo kuba barakoranyeko mu misi iheze n’abanduye umugera wa corona.

Stephen Hahn, umutegetsi mu kigo ca Amerika gishinzwe kugenzura ibifungurwa n’imiti, FDA, yarikumiriye inyuma yo gukoranako n’uwanduye uwo mugera. Robert Redfield, arongoye ikigo gishinzwe gukinga no kurwanya indwara, CDC, nawe yarikumiriye indwi zibiri inyuma yo gukoranako n’uwukora muri White House yanduye.

Hambavu y’abo, Anthony Fauci, umuyobozi w'ikigo c'igihugu gishinzwe kurwanya indwara zandukira ashikiriza ko amahirwe yiwe yo kwandura ari make naho yakoranyeko n’umukozi wo mubiro kwa perezida yanduye COVID-19. Fauci ashikiriza ko agiye kuza aripimisha buri munsi kandi agiye kubandanya akorera mu rugo iwe.

Abo bategetsi biyongereye ku mukozi ategurira Perezida Donald Trump ibifungurwa hamwe na Katie Miller ajejwe ivyo kumenyesha amakuru mu biro vy’icegera ca perezida Mike Pence batowe ko banduye.

Bompi Perezida DonaldTrump na Pence bama bipimisha buri munsi, ariko ibipimo vyabo vyerekana ko batarandura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG