Uko wahagera

Ikiza ca Corona Gishobora Guhitana Abantu 190000 muri Afrika


Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho amagara y’abantu, OMS, vyatangaje ko mu mwaka wa mbere, ikiza ca corona gishobora guhitana ubuzima ko abantu bari hagati y’ibihumbi 83000 n’bihumbi 190 ku mugabane w’Afrika, mu gihe ico kiza kitotuzwa.

OMS ivuga kandi ko ico kiza kizokwandukira abanyagihugu bo muri Afrika bari hagati y’imiliyoni 29 n’imiliyoni 44. Ivyo biharuro bishikirizwa na OMvyisunze icigwa cakozwe muri Afrika muri iki gihe umuti w’ico kiza utaraboneka, nk’uko umukuru wa OMS muri Afrika, Matshidiso Moeti, yabibwiye abamenyeshamakuru.

Ibihugu vyinshi muri Afrika vyarafashe ingingo zo gukumira no kugwanya ico kiza. Izo zirimwo kwugara ibibanza vy’indege, kubuza abantu benshi gukoranira mu kibanza kimwe, hamwe no kubuza uruja n’uruza bumaze kugoroba mu ntumbero yo kugwanya ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG