Uko wahagera

ONU Isaba Imiriyaridi Zirenga 7 z'Amadolari zo Gufasha Ibihugu Bikenye


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishikiriza ko ririko rirasaba imfashanyo y’amamiliyaridi y’amadolari yo gukingira ubuzima bw’amamiliyoni y’abantu no gufasha guhagarika ikwirakwira rya COVID-19 mu bitishoboye.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yashikirije kuri uyu wa kane ko hakenewe imiriyaridi 6.7 z’amadolari.

ONU yamye ishikiriza ko mu gihe umugera wa Corona wokwirakwira mu bice bibamwo abakene, isi yose izoba ibangamiwe.

Umuyobozi w’ikigo ca ONU kijejwe imfashanyo Mark Lowcock, yashikirije ko ibihugu bitunze bititeze kuronka bashasha bandura mu mezi atatu canke atandatu ari imbere. Ariko avuga ko abanyagihugu batakaje ubuzi n’imishahara, abandi barabura ibifungurwa.

ONU ivuga ko ayo mafaranga agenewe kuzofasha ibihugu ata mikoro bifise birenga 60 birimwo Benin, Djibouti, Liberiya, Mozambique, Pakistani, Filipine, Sierra Leone, Togo na Zimbabwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG