Uko wahagera

Imyuka ya Gaze Yahitanye Abashika 11 Igwaza 1000 mu Buhindi


Ahari ihinguriro rya plastic i Visakhapatnam mu Buhindi
Ahari ihinguriro rya plastic i Visakhapatnam mu Buhindi

Abantu bashika kuri 11 bapfuye kuri uyu wa kane abandi bashika 1 000 bagira ingaruka zo guhema inyuma yaho imyuka ya gaze itorokeye mw’ihinguriro rya plastike mu bumanuko bw’Ubuhindi.

Abaporisi bashoboye kuja ku nzu ku nzu ziri hafi y’iryo hinguriro baratabara abashika 3 000.

Iyo myuka ikekwa kuba yavuye mu gikono caretswe kitugawe neza kubwa Guma mu Rugo yari imaze indwi zirenga zitandatu kubera umugera wa corona. Guma mu rugo yatezuwe ku munsi wa mbere mu Buhindi bituma amaduka hamwe n’amahinguriro ahegereye yugururwa.

Igiporisi gishikiriza ko catanguye amatohoza y’icateye iryo sanganya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG