Uko wahagera

USA n'Ubushinwa Barahanganye ku Mamuko ya COVID-19


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Mike Pompeo mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri COVID-19 i Washington. Kw'itariki ya 06/05/2020

Abategetsi muri Reta zunze ubumwe za Amerika no mu Bushinwa barabandanya guterana amajambo ku mamuko hamwe n’ingendo zafashwe mu minsi ya mbere ikiza ca Corona caduka.

Ubushinwa bwagiriza umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu Mike Pompeo gukina politike mu kuvuga ko umugera utera COVID-19 waturutse muri laboratware y’i Wuhan. Pompeo ariko asaba Ubushinwa gutanga amakuru akwiye kuri uyo mugera.

Ibindi bihugu birimwo Ubudagi, Ubwongereza na Australiya na vyo biriko birasaba amakuru arenze ku vyo bazi bijanye n’uwo mugera. Pompeo yasavye kuri uyu wa gatatu Ubushinwa kureka abashakashatsi babwo bakaja ahabona bakavuga ivyo bazi. Ashikiriza ko akamo kiwe ko gushira ibintu ahabona kadatumbereye politike ariko ko ari mu ntumbero yo kurokora ubuzima bw’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG