Uko wahagera

Guca Ibice vy'Igihimba c'Irondoka ku Bakobwa Bizohanwa muri Sudani


Amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi n’ubwigenge bushingiye ku madini muri Sudani arashima umugambi wa reta wo guhana abakora umugirwa wo guca ibice vy’ibihimba vy’irondoka vy’abapfasoni.

Mu ndwi iheze, reta mfatakibanza ya Sudani yaremeje integuro y’itegeko rizohana abazokora uwo mugirwa ku mukobwa canke umugore uwo ari we wese, uwuzobirengako akazohanishwa umunyororo w’imyaka itatu n’ihadabu.

Ku bwo ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abagore canke abakobwa icenda kw’icumi bafise hagati y’imyaka 15 na 49 barakorewe uwo mugirwa muri Sudani. Vyatumye bamwe bagira ibibazo vy’amagara bitari bike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG