Uko wahagera

ONU: Amasezerano y'Amahoro Arageramiwe muri Sudani y'Epfo


Abasirikare b'imihari yahoze irwana muri sudani y'epfo mu myimenyerezo i Gorom hanze y'i Juba.
Abasirikare b'imihari yahoze irwana muri sudani y'epfo mu myimenyerezo i Gorom hanze y'i Juba.

Umurwi w’abahinga ba ONU kuri Sudani y’Epfo baragabisha ko umugambi w’amahoro muri ico gihugu ushobora kuburizwamwo. Bavuga ko reta y’ubumwe iriko irasubiranamwo ku bijanye n’uburongozi bw’inzego z’umutekano hamwe no kurwanira ubutunzi aho kubandanya ishirwa mu ngiro ry’amasezerano.

Uwo murwi wabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano mu ndwi iheze ko abateye umukono ku masezerano y’amahoro bananiwe kwubahiriza ikiringo co gushira hamwe abarwanyi babo.

Bagiriza abakomanda b’igisirikare ca reta hamwe n’abo iyindi mihari gutegeka abarwanyi babo kuguma hanze y’ibibanza vyo kwegeranirizwamwo hamwe no kugumya ibirwanisho kugira bazobashe kwongera kurwana mu gihe intambara yokwongera kwaduka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG