Uko wahagera

Abamenyeshamakuru 55 Barishwe muri Iki Gihe ca COVID-19


Abamenyeshamakuru bahohoterwa muri Nicaragua.
Abamenyeshamakuru bahohoterwa muri Nicaragua.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU asaba amareta kw’isi gukora ku buryo abamenyeshamakuru boroherezwa mu kazi kabo ka minsi yose cane cane muri iki gihe c’ikiza c’umugera wa Corona.

Ni mu gihe kuri uyu w’Imana itariki ya 3 z’ukwezi kwa gatanu isi yibuka umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’umwuga wo kumenyeshamakuru.

Antonio Guterres ashikiriza ko kuva ico kiza gitangura kwigaragaza, abamenyeshamakuru benshi bashiriweho amategeko n’ibihano kubwo akazi kabo.

Amenyesha ko ONU yubahiriza amategeko yashizweho n’ibihugu mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira rya COVID-19 ariko ngo ntibikwiye kubuza abamenyeshamakuru gukora umwuga wabo.

Abamanyeshamakuru bashika 55 mu bihugu 23 barapfuye kuva kw’itariki ya 1 y’ukwezi kwa gatatu kubwo iki kiza, bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryigenga ryishinze kuvugira abamenyeshamakuru, rifise icicaro i Geneve mu Busuwisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG