Uko wahagera

Ubushinwa Bukekwa Kuzokwivanga mu Matora muri USA


Umuvugizi w'Ubushikiranganjib w'Ubushinwa bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu Geng Shuang i Beijing.
Umuvugizi w'Ubushikiranganjib w'Ubushinwa bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu Geng Shuang i Beijing.

Ubushinwa bwatangaje kuri uyu wa kane ko ata mugambi bufise wo kwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu y’uyu mwaka muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Ni inyuma y’aho ku munsi wa gatatu Perezida Donald Trump yashikirije ko Ubushinwa bwiteguye gukora ibishoboka vyose kugira atsindwe ayo matora.

Trump yashikirije ko Ubushinwa bwifuza ko umukandida w’umugambwe w’abademokrate Joe Biden atsinda, kuko ashobora kuzobutezurira amatagisi ku bidandazwa yabushiriyeho.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Geng Shuang ashikiriza ko Ubushinwa bwamye bwemanga ko amatora y’abanyamerika yega abanyamerika ubwabo. Avuga kandi ko yizeye ko abanyamerika batazokwegera Ubushinwa muri poritike yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG