Uko wahagera

USA: Amakuru Meza y'Umuti Uzibira COVID-19

Umuhinga akaba anarongoye ikigo kijejwe ingwara zandukira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Anthony Fauci asigura umuti mushasha ushobora kuzofasha abarwayi ba COVID-19
Umuhinga akaba anarongoye ikigo kijejwe ingwara zandukira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Anthony Fauci asigura umuti mushasha ushobora kuzofasha abarwayi ba COVID-19

Umuhinga akaba anarongoye ikigo kijejwe ingwara zandukira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Anthony Fauci yashikirije kuri uyu wa gatatu ko hari umuti wageragejwe basanga urahagarika umugera wa Corona.

Umuti witwa Remdesivir uragabanya iminsi umurwayi amara kugira akire, nkuko Fauci yabishikirije abamenyeshamakuru muri perezidanse y’Amerika.

Ikigo c’Amerika kijejwe gutanga uburenganzira bwo gukoresha ibifungurwa n’imiti vyari bitegekanijwe ko cemeza uwo muti kuri uyu wa gatatu kugira utangure kuvura vuba abarwayi ba COVID-19.

COVID-19 imaze guhitana abantu barenga 224 000 kw’isi, harimwo abashika 60 000 muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG