Uko wahagera

Abafungiwe Politike muri Sudani Baritabariza Kubera COVID-19


Ahmed Haroun yahoze arongoye umugambwe National Congress Party muri Sudani

Muri Sudani, uwahoze ari umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi, Sudanese National Congress, Ahmed Haroun yaranduye umugera wa corona aho afungiwe mw’ibohero, nkuko umwe mu muryango wiwe yabishikirije.

Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu ntibaremeza ayo makuru y'uwo yahoze ari soma mbike na Omar al-Bashir yakuwe ku butegetsi.

Hossam Ahmed Haroun, umwe mu bahungu biwe asaba ko se yopfungirwa icamaso mu rugo iwe kugira abashe gukurikiranwa neza.

Ahmed Haroun hamwe n’abandi bategetsi bahoze muri reta ya Bashir bapfungiwe mw’ibohero rikuru ryo ku murwa mukuru Khartoum kuva mu kwezi kwa kane kw’umwaka uheze igihe abasirikare bakura Bashir ku butegetsi.

Imiryango yabo isaba ubuvugizi bw’abaharanira uburenganzira bwa muntu kuvugira abanyepolitike bapfunzwe muri Sudani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG