Uko wahagera

OMS Yibutsa Abugurura Imirimo ko COVID-19 Ataho Iraja


Umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus ku cicaro ca OMS i Geneve, kw'itariki 09/03/2020.
Umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus ku cicaro ca OMS i Geneve, kw'itariki 09/03/2020.

Mu gihe ibihugu bitari bike ku mugabane wa Bulaya biri mu myiteguro yo gutezura ingingo zafashwe mu kurwanya ikwirakwira rya COVID-19, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS ryasavye kuri uyu wa mbere ibihugu kubandanya barondera, bakumira, bapima no kuvura abanduye bose.

Mu kiganiro yama ashikiriza uko ivy’ico kiza cifashe, umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko abandura bashasha bagabanutse kandi ari ikimenyetso ciza. Tedros, yagabishije ariko ko ico kiza ataho kiraja.

Tedros asaba amakungu kugira urunani rwo kurwaniriza hamwe COVID-19. Amenyesha ko mu gihe abantu batokwiyunga, uwo mugera uzobaca muryahumye wongere kurandagata, uhitane ubundi buzima bw’abantu.

Kaminuza ya Johns Hopkins University yo muri Amerika ishikiriza ko abantu bamaze kugaragara ko banduye uyo mugera kw’isi hose barenga imiliyoni zitatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG