Uko wahagera

Pelosi Yashigikiye Kandidatire ya Joe Biden muri Perezidansi y'Amerika


Nancy Pelosi umukuru w'inama nshingamateka (ibubamfu) na Joe Biden (Hagati) kuri Capitol Hill i Washington, kw'itariki 06/01/2017
Nancy Pelosi umukuru w'inama nshingamateka (ibubamfu) na Joe Biden (Hagati) kuri Capitol Hill i Washington, kw'itariki 06/01/2017

Nancy Pelosi, ayoboye inama nshingamateka ya Amerika, yatangaje uno musi ku wa mbere ko Joe Biden ari we ashobora gukura Amerika mu kaga k’ikiza c’umugera wa Corona.

Nancy Pelosi niwe mudemokrate akomeye wa nyuma ashigikiye icese Biden mu kigoro kiwe k’ukwiyamamariza kuba Prezida wa Amerika. Niwe abonwa ko azohiganwa na Prezida Donald Trump wo mu mugambwe w’abarepublika mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Pelosi yatangaje ko gushigikira icese Joe Biden ari iteka kuri we kubera azoba umukuru w’igihugu adasanzwe. Pelosi yahayagije Biden, yahoze ari umusenateri asekurira Reta ya Delaware, mu kuvuga ko ari umuntu yumva ibibazo vy’abandi, kandi ari umuntu afise ubutwari. Avuga ko Biden ari umuntu ashobora kuyobora abandi akoresheje ubwitonzi kandi yumviriza abandi cane cane abahinga mu vy’ubumenyi.

Joe Biden, yabaye icegera ca prezida ku ntwaro ya Prezida Barack Obama, abonwa ko ari we azoserukira umugambwe w’abademdokrate kuva atahiye intsinzi zikomeye mu matora yo mu ntango y’abademokrate yabaye imbere yuko ikiza c’umugera wa Corona gituma imirimo nka yose yugara muri Amerika.

Abo bahiganwa bikomeye mu mugambwe w’abademokrate barimwo senateri wo muri Reta ya Vermont, Bernie Sanders, baravuye mw’ihiganwa baramushigikira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG