Uko wahagera

Impunzi Zitubahiriza "Guma mu Rugo" Zizimwa Ubuhungiro mu Bugiriki


Abimukira mu kibanza bashizwemwo i Kranidi, mu Bugiriki kubera COVID-19. Ifoto yafashwe kuwa 21/04/2020
Abimukira mu kibanza bashizwemwo i Kranidi, mu Bugiriki kubera COVID-19. Ifoto yafashwe kuwa 21/04/2020

Ubugiriki buragabisha kuzokwirukana impunzi zitubahiriza amabwirizwa ya Guma mu Rugo, mu gihe igihugu kibanyi ca Turukiya cugaye imbibe zaco kubosubira guhungirayo.

Ubuholande buriko burarungika ibikoresho vyo kwa muganga mu Bugiriki vyo gufasha ibihumbi vy’impunzi n’abimukira bari mu makambi y’impunzi kubera ikwirakwira rya COVID-19.

Mu bumanuko bw’intara ya Peloponnese honyene, abimukira bashika 150 barapimwe ko banduye umugera wa Corona, benshi muri bo bagizwe n’abanyekameruni hamwe n’abo muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo.

Ubugiriki buhaye indaro impunzi zirenga 100 000 ziri mu makambi 93 ari mu gihugu. Umushikiranganji w'Ubugiriki ajejwe impunzi no gutanga ubuhungiro, Notis Mitarachi ashikiriza ko abimukira bazorenga ku mategeko ya Guma mu Rugo bazokurwa mu rutonde rw’abasaba ubuhungiro, bongere basubizwe mu bihugu baje bavamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG