Uko wahagera

Amafaranga Arungikirwa Abanyafrika Azogabanuka Kubera COVID-19


Ibiro vya Western Union i Montreiuil mu Bufaransa
Ibiro vya Western Union i Montreiuil mu Bufaransa

Icigwa cakozwe n’ibanki nkuru y’isi gitegekanya ko amafaranga arungikwa n’abakozi b’abimukira bo mu Bulayi mu bihugu bitishoboye ashobora kuzogabanuka gushika ku gice kimwe ca gatanu uyu mwaka kubera ikiza ca Corona. Imiryango yo mu bihugu vya Afurika, iyo mu karere k’ubuseruko bwo hagati n’ahandi yahora irungikirwa amafaranga aharurwa mumamiliyaridi y’amadolari buri mwaka.

Mu Bufaransa honyene haharurwa abakozi b’abimukira bangana imiliyoni 3.6, barungitse mu miryango yabo imiliyaridi 10 z’amadolari mu 2017.

Ibanki y’isi itegekanya ko uyu mwaka Afurika yonyene izotakaza miliyaridi 11 ava mu banyagihugu bayo baba mu mahanga kandi abahinga bavuga ko abanyamahanga bafise ubwoba bwo gushinga imitahe y’iterambere muri ivyo bihugu kubera COVID-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG