Uko wahagera

USA: Ba Buramatari Bamwe Bagiye Kwugurura Ubucuruzi


Ba buramatari b’abarepublikani b’amareta ashika kuri atanu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bariko baritegura kugira basubire kwugurura ibikorwa mu mareta yabo. Ni inyuma yaho Perezida Donald Trump ashikirije ko ari ngombwa ko ubutunzi bwongera kugarukirwa naho ikiza ca Corona kitararangira.

Aba bategetsi b’amareta ya Georgia, Florida, Carolina y’ubumanuko, Tennessee na Texas bose bashikirije ko ivyashara bimwe bimwe bishobora kwugururwa ubu nyene canke mu ndwi nka zibiri. Ariko bavuga ko bazokwubahiriza amabwiriza yo guhanahana imetero zibiri hagati y’abaguzi n’abadandaza.

Bashikiriza ko bagiye kwongera guha ubuzi abanyamerika bashika imiliyoni 22 babutakaje mu gihugu cose. Bashikirije ivyo mu gihe amatohoza yakozwe mu gihugu yerekana ko hafi bibiri vya bitatu vy’abantu bemeza ko abantu 10 canke barenga bazosubira gukoranira hamwe nko mu kwezi kwa gatandatu canke inyuma y’aho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG