Uko wahagera

Canada: Abishwe n'Uwitwaje Inkoho Bashitse kuri 18


Abaporisi bari ahiciwe umugabo yishwe arashe abantu, hafi y'i Elmsdale mu ntara Nova Scotia, Canada, Kw'itariki 19/04/2020.
Abaporisi bari ahiciwe umugabo yishwe arashe abantu, hafi y'i Elmsdale mu ntara Nova Scotia, Canada, Kw'itariki 19/04/2020.

Umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau ashikiriza ko abasize ubuzima mu bwicanyi bwo ku munsi w’Imana mu ntara ya Nova Scotia biyongereye gushika kuri 18.

Ni mw’ijambo yashikirije abanyagihugu kuri uyu wa mbere, inyuma y’umunsi umwe umugabo yitwaje inkoho yiraye mu mazu y’abantu, yatsa imiriro yongera yica abashika 18 barimwo umuporisikazi w’imyaka 23 yakukurutse.

Yashikirije ko ubwicanyi nk’ubu butigeze bubaho muri Canada kandi ata kibanza buhafise.

Abategetsi bavuga ko uwukekwa gukora iryo bara ari umugabo w’imyaka 51 yitwa Gabriel Wortman, kandi ko yahavuye nawe araswa yicwa n’igiporisi. Imvo yabimutumye ntiratangwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG