Uko wahagera

Abarenga 10 Barishwe n'Uwitwaje Inkoho muri Canada


Igiporisi mu gisagara ca Portapique muri Canada, barondera Gabriel Wortman, akekwa kuba ari we yishe arashe abantu. Kw'itariki 19/04/2020
Igiporisi mu gisagara ca Portapique muri Canada, barondera Gabriel Wortman, akekwa kuba ari we yishe arashe abantu. Kw'itariki 19/04/2020

Igiporisi co muri Canada mu ntara ya Nova Scotia cafashe umugabo w’imyaka 51 yitwaje inkoho akekwa kuba ari we yarashe arica abantu barenga 10. Barimwo n'umuporisi.

Igiporisi cavuze kuri uyu w’Imana ko uwo mugabo azwi kw’izina rya Gabriel Wortman yabarasiye mu gasagara gato kitwa Portapique, kari ku birometero 130 mu buraruko bw’umurwa mukuru w’iyo ntara witwa Halifax. Imvo yatumye akora iryo bara ntiramenyekana.

Ubwicanyi hakoreshejwe inkoho ntibukunze kuba muri Canada, ahasanzwe hari amategeko yo kugenzura abatunze inkoho akaze kurusha muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG