Uko wahagera

Somaliya: Nta Ruja n'Uruza mw'Ijoro Kubera COVID 19


Muri Somaliya haragaragaye umuntu agira kabiri yahitanywe n’umugera wa Corona, ivyatumye reta ica ifata ingingo zo kubuza abanyagihugu gutembera mw’ijoro ku murwa mukuru, Mogadishu aho abo bantu bapfiriye.

Umukuru w’igiporisi, General Abdi Hassan Mohamed yashikirije ko uko kubuza abantu gutembera mw’ijoro bitangura kuja mu ngiro kuri uyu wa gatatu. Ariko nta tariki iyo ngingo izohagararirako yatangajwe.

Iyo ngingo yerekeye imodokari hamwe n’abakora ivyashara havuyemwo abadandaza ibifungurwa bitabora, ibitaro hamwe n’amaduka adandaza imiti, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi.

Gushika ubu, reta ya Somaliya itangaza ko abamaze kwandura Covid19 bashika kuri 25.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG