Uko wahagera

Sudani Irakomeza Ingingo zo Kurwanya COVID-19


Amabarabara agaragara i Khartoum, muri Sudani, mu kwubahiriza ingingo zo kuwanra Corona, kw'italiki 24/03/2020

Igihugu ca Sudani catangaje kuri uyu w’Imana ko cahagaritse imiduga itwara abantu hagati y’ibisagara, mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira ry’umugera wa Corona.

Abamaze kwandura uyo mugera muri Sudani ni 19 gusa na babiri wahitanye ariko abategetsi ntibipfuza ko abanduzanya baba benshi na nyaburya igisata c’amagara y’abantu casinzikaye kandi n’ubutunzi atako bwifashe.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere vyashikirije ko iyo ngingo ibuza uruja n’uruza rw’imiduga y’abikorera utwabo hagati y’ibisagara n’ama reta agize ico gihugu yagiye mu ngiro kuva igitangazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG