Uko wahagera

USA: Abahinga Baragabisha Perezida Trump ku Ngingo Kuri COVID-19


Dr. Anthony Fauci, arongoye ikigo kijejwe ingwara zandukira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, White House, kw'itariki 1/04/2020.
Dr. Anthony Fauci, arongoye ikigo kijejwe ingwara zandukira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, White House, kw'itariki 1/04/2020.

Umuhinga akaba anarongoye ikigo kijejwe ingwara zandukira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Anthony Fauci yaragabishije kuri uyu w’Imana ko mu gihe Amerika yokwugurura imirimo kw’itariki 1 y’ukwezi kwa gatanu nkuko Perezida Donald Trump avyipfuza, ikwirakwira ry’umugera wa Corona ryokwongera gutangura busha. Perezida Donald Trump yashikirije ko yipfuza ko ubuzima bwosubira gutangura muri ico gihe.

Fauci ashikiriza ko n’iburiburi igihugu gishobora gusubira mu buzima busanzwe mu kwezi kuza kwa gatanu, ariko ko hokwisungwa uko igice kimwe kimwe c’igihugu cifashe ku bijanye n’ico kiza.

Gushika kuri uyu w’Imana, Amerika yari ifise abarenga 20000 bishwe na COVID-19, bishira ico gihugu ku murongo wa mbere mu bantu benshi bapfuye ugereranije n’ibindi bihugu.

Perezida Trump ubwa mbere yari yipfuje ko igihugu cosubira mu buzima busanzwe kuri uyu w’Imana, kugira abakristu bahimbarize Pasika mu masengero. Ariko yaciye yisubirako abahinga muvyo amagara y’abantu bamugabishirije ku ngaruka vyari gushobora gutera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG