Uko wahagera

Abafise Utubira Tubiri Ubu Baremerewe Gusohoka Uburundi


Hari haheze iminsi Uburundi bubujije abantu bose bafise utubira tubiri harimwo ak’Uburundi gutahuka mu bihugu batuyemwo.
Hari haheze iminsi Uburundi bubujije abantu bose bafise utubira tubiri harimwo ak’Uburundi gutahuka mu bihugu batuyemwo.

Abarundi bafise utubira tubiri kuva ubu bararekuriwe kuva mu gihugu bakaja mu bihugu babayemwo bajanywe n'indege zo gutabara canke zirungitswe n'ivyo bihugu.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu bwabitangaje mu rwandiko bwarungikiye abaserukira ibihugu vyabo muri ico gihugu kuri uyu wa gatanu.

Ikete ry’ubushikiranganji rimenyesha ko muri kino kiringo igihugu cafashe ingingo zo kwikingira ikiza ca corona, Uburundi bwahaye uruhusha abantu bafise utubira tubiri bari ku butaka bwabwo harimwo n’abafise ubwenegihugu bw’Uburundi gusohoka igihugu.

Iryo kete risigura neza ko aberekewe n’iyo ngingo bategerezwa kuba batari basanzwe baba ku butaka bw’Uburundi bakaba bari bahaje mu kiringo kigufi kandi bari basanzwe barakatishije amatike yo gusubira inyuma ingingo yo guhagarika ingendo z’abinjira n’abasohoka itarafatwa.

Ubushikirangnji bushimangira ko abantu bafise ubwenegihugu bubiri basanzwe baba mu Burundi canke barangurira imirimo yabo muri ico gihugu baterekewe n’iyi ngingo.

Haraheze indwi Uburundi bubujije abantu bose bafise utubira tubiri harimwo ak’Uburundi gutahuka mu bihugu batuyemwo.

Mu ntango nta nsiguro nyinshi zatanzwe. Kw’itariki y’indwi uku kwezi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Sonia Ines Niyubahwe yavuze ko icatumye leta ifata iyi ngingo ari ugukingira abantu bafise akabira k’Uburundi.

“Igituma bankiwe kugenda ni uko ari Abarundi bo ngaha iwacu kandi tubiravye dusanga ari Abarundi b’amaraso.”

Umwe mu bafise ababo bacugaraniwe i Bujumbura ku mugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi yavuganye n’Ijwi ry’Amerika kuri telephone atashimye ko amajwi aja ahabona yavuze ko ari umunezero n’ukwiruhutsa ku muryango ariko yongerako ati “N’ubu turacari mu ruhagarara, kuko nzovyemera neza maze kurira indege nayo ikaguruka.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG