Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w'Ubwongereza Yorohewe kuri COVID-19


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Boris Johnson yatoye mitende inyuma y’ijoro rigira gatatu ari mu kibanza c’abaremvye kandi agiye kwimurirwa mu kindi cumba gisanzwe, aho agiye gukurikiranirwa hafi. Vyashikirijwe n’umuvugizi wiwe.

Iri tangazo ryashikirijwe mu gihe abashingamateka b’Ubwongereza bariko bagerageza kumenya ingene ingingo z’igihugu zizofatwa mu gihe umushikiranganji wa mbere akiri mu bitaro kubera umugera wa Corona.

Gushika ubu, Abongereza barenga 7000 barishwe n’umugera wa Corona kandi abandura babandanya biyongera.

Johnson yari yakiriwe mu bitaro vya St Thomas i Londres ku munsi w’Imana mw’ijoro aca yimurirwa mu cumba c’abaremvye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG