Uko wahagera

RDC: Vital Kamerhe, Umuyobozi Mukuru muri Perezidanse Arafunzwe


Vital Kamerhe, yishura ibibazo vy'abamenyeshamakuru

Umuyobozi mukuru mu biro vya perezida Felix Tshisekedi wa Republika ya demokarasi ya Kongo, kuva kuri uyu wa gatatu, ari mw’ibohero ku murwa mukuru Kinshasa.

Vital Kamerhe afunzwe ivy'agateganyo inyuma yo kwimvirizwa n'ubutungane amasaha atandatu. Ni inyuma yuko yari amaze iminsi mike akurikiranwa n’ubutungane ku kuba yarakoresheje nabi amafaranga y’igihugu yari agenewe inyubako zikomeye Perezida Tshisekedi. Ni imigambi yari yaremereye abanyagihugu ko azokora mu minsi 100 ya mbere y’ubutegetsi bwiwe.

Imbere yuko yumvirizwa n’ubutungane, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, harimwo ODEP n’urunani AMKA, banuganuga ko habaye inyuruzwa ry’amafaranga ya reta. Ubutungane buvuga ko Vital Kamerhe ari we yategeka ingene amafaranga yo mu biro kwa perezida akoreshwa kandi ni we yagenzura ikoreshwa ry’amafaranga y'iyo migambi.

Vital Kamerhe asanzwe arongoye umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, Union Pour la Nation Congolaise, UNC mu mfunyafunyo y’igifaransa. Yarabaye kandi umukuru w’inama nshingamateka ya RDC kuva mu mwaka wa 2006 na 2009.

Imbere yiwe, abandi bantu barimwo abakuru b’amashirahamwe yo kwubaka, abanyamabanki, abagenzura imigambi barafunzwe bagirizwa ikoreshwa nabi ry’ayo mafaranga y’uwo mugambi w’iminsi 100.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG