Uko wahagera

USA: 82000 Bashobora Kwicwa na COVID-19 Gushika mu Kwezi kwa Munani


Reta ya Amerika igereranya ko abantu bababa 82000 bazokwicwa na COVID-19 gushika kw’itariki 4 z’ukwezi kwa munani. Aho ni mu gihe igihugu cokaza ingingo yuko abantu baguma mu ngo zabo, abandi bakirinda kwegerana, gushika mu kwezi kwa gatanu.

Perezida Donald Trump, yamye ashikiriza ko afise icizere ko ico kiza kigiye guhera vuba, ubu avuga ko reta yafashe ingingo yo guhemba abantu kugira bagume mu ngo zabo.

Trump ashikiriza ko hagati y’iyi ndwi n’iyizokurikira hazopfa Abanyamerika benshi, ariko nta gitigiri cabo yatangaje.

Abahinga muvy’amagara y'abantu muri Amerika bagabisha ko hakwizera ko ibintu bigiye kumera neza muri kazoza ka hafi, iciza kwoba kwitegura ko bishobora kuba nabi cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG