Uko wahagera

HRW Isaba ko Irani Itezurirwa Ibihano muri Ibi Bihe vya COVID-19


Mu bitaro bikurikirana abanduye umugera wa Corona i Teherani muri Irani.
Mu bitaro bikurikirana abanduye umugera wa Corona i Teherani muri Irani.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa kiremwa muntu, Human Right Watch ryasohoye raporo kuri uyu wa mbere isaba Reta zunze ubumwe z’Amerika gutezurira Irani ibihano ico gihugu cafashe.

HRW hamwe n’ayandi mashirahamwe aharanira uburengenzira bwa muntu avuga ko ivyo bihano vyabangamiye utwigoro two kurwanya umugera wa Corona umaze gufata abarenga 60000 n’abarenga 3700 bamaze gupfa muri Irani.

Iyo raporo ivuga ko kubuza Irani ububasha bwo kuronka amafaranga, no gutesha agaciro ifaranga ry’ico gihugu, vyatumye amakompanyi n’ibitaro vyo muri Irani bitabasha kurangura imiti hamwe n’ibikoresho vyo kuvura bikenewe cane mu gisata c’amagara y’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG