Uko wahagera

Imfashanyo za USA Kuri Afuganistani Zizokwisunga Icuka ca Poritike


Ku kirimba ca Perezida wa Afghanistani, Ashraf Ghani, i Kabul.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yafashe ingingo yo guha Afuganistani imfashanyo mpuzamakungu ar’uko abahanganye muri politike bashitse ku mwumvikano.

Icuka kibi ca poritike hagati ya perezida Ashraf Ghani n’uwo batavuga rumwe, Abdullah Abdullah, catanguye inyuma y’amatora yo kuwa 28 z’ukwezi kw’icenda.

Komisiyo y’amatora y'ico gihugu yatangaje ko Ghani yatsinze Abdullah, uwo nawe avuga ko ayo matora yabayemwo ubusuma. Bose uko ari babiri umwe wese mu kwezi guheze yararahiye ko ari umukuru w’igihugu.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo yashikirije ko imfashanyo zihabwa Afuganistani zizogabanywako umuriyaridi umwe w’amadolari uyu mwaka, mu gihe abanyepolitike batokwumvikana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG