Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w'Ubwongereza Boris Johnson Yinjiye Ibitaro Kubera COVID-19


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson i Londres mu Bwongereza.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Boris Johnson, yari amaze indwi irenga mu rugo iwe kuko yanduye umugera wa Corona yinjiye ibitaro kuri uyu w’Imana kugira apimwe.

Ibiro vyiwe vyatangaje ko yinjiye ibitaro kuko yari acumva ibimenyetso vy’uwo mugera inyuma y’imisi 10 apimwe ko yawanduye.

Johnson, w’imyaka 55, yari akibanganya amabanga y’umushikiranganji wa mbere ariko kandi akurikiranwa n’umuganga wiwe kuri telephone. Kwinjira ibitaro, bisigura ko abaganga bashobora kumubona amaso mu yandi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG