Uko wahagera

Uwahoze ari Umushikiranganji wa Mbere wa Somaliya Yishwe na Corona


Nur Hussein Hassan yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Somaliya.
Nur Hussein Hassan yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Somaliya.

Uwigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Nur Hassan Hussein yarishwe n’umugera wa Corona ku bitaro vy’i Londres mu Bwongereza, nkuko umuryango wiwe wabishikirije Ijwi ry’Amerika.

Umwe mu muryango yavuze ko Nur Hassan yapfuye kuri uyu wa gatatu, afise imyaka 82 y’amavuko.

Nur Hassan yabaye umushikiranganji wa mbere wa Somaliya hagati y’imyaka ya 2007 na 2009.

I Mogadishu, ku murwa mukuru wa Somaliya, Perezida Mohamed Abdullahi Farmajo yatangaje iminsi itatu yo kumugandarira mu gihugu cose, aho amabendera azoduzwa gushika hagati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG