Uko wahagera

COVID-19 Ishobora Kwica Abarenga 16000 Muri Reta ya New York


Buramatari Andrew Cuomo, wa Reta ya New York, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Buramatari Andrew Cuomo, wa Reta ya New York, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Buramatari wa Reta ya New York yashikirije kuri uyu wa gatatu ko iyo reta arongoye ishobora kuzoronka abarenga 16000 bazohitanwa n’ikiza ca Corona.

Yisunze icegeranyo casohowe n’abahinga, cafashijwemwo n’intererano y’ikigo c’umugwizatunga w'umunyamerika Bill na Melinda Gates, Buramatari Andrew Cuomo yavuze ko Abanyamerika 93000 bashobora guhitanwa n’uwo mugera.

Cuomo ashikiriza ko ibitigiri vy’abapfa bizoguma biri hejuru gushika mu kwezi kw’indwi.

Perezidanse ya Amerika yo yavuze ko abazopfa muri Amerika bashobora kuzorenga kure abo. Ku musi wa kabiri Perezida Donald Trump yavuze ko Abanyamerika bari hagati y’100000 n’240000 bashobora kuzohasiga ubuzima.

Buramatari Cuomo asaba amareta yose ya Amerika gukorera hamwe no gushira inguvu hamwe mu kurwanya ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG