Uko wahagera

USA Izokura Ibihano Kuri Venezuela Hashinzwe Reta y'Imfatakibanza


Maduro Guaido combo
Maduro Guaido combo

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gishikiriza ko citeguye gukuraho ibihano cafatiye Venezuela mu gihe hoshingwa reta y’imfatakibanza irimwo uruhande rwa Perezida Nicolas Maduro n’urwo uwo batavuga rumwe Juan Guaido. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo kuri uyu wa kabiri.

Ako kamo gasaba Maduro na Guaido gushiraho akanama k’abantu batanu kaba kararongoye igihugu gushika hatunganijwe amatora y’umukuru w’igihugu n’ay'abashingamateka yoca atunganwa hagati y’amezi atandatu na cumi n’abiri.

Pompeo yashikirije ko yoshima ko Guaido ashikira ubutegetsi biciye mu matora azoza, ariko ko Maduro nawe ava ku butegetsi.

Ubutunzi bw’ico gihugu gitunze peteroli bwarasinzikajwe cane n’ibihano vya Amerika. Nawo umugera wa Corona usanze igisata c’amagara y’abantu carazingamye kubw’ivyo bihano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG