Uko wahagera

New York: COVID-19 Ushobora Gufata Abashika Imiliyoni 4


Hagati mu gisagara ca New York, cugawe kubera umugera wa Corona.

Ubwato bw’igisirikare c’Amerika burimwo ibitaro kuri uyu wa mbere niho bwashika ku kivuko c’i New York, gufasha ico gisagara kibamwo imiliyoni 8.6 z’abanyagihugu bahanzwe n’ikiza c’umugera wa Corona.

Ubwo bwato bugiye kuba burahaye indaro abarwaye izindi ndwara. Abaganga babwo ntibazofasha gukurikirana abarwayi ba Corona.

Igisagara ca New York City gifise abarwaye umugera wa Corona barenga 36000. Gushika kuri uyu wa mbere abarenga 790 baramaze kuhasiga ubuzima.

Umukuru w’igisagara ca New York Bill de Blasio yashikirije ko abashika ku gice c’ababa mur’ico gisagara bashobora kwandura umugera wa Corona. Bashobora kuba abarenga imiliyoni zine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG