Uko wahagera

Ibisagara vya Abuja na Lagos mu Bihe Bidasanzwe Kubera COVID-19


Igisagara ca Lagos, muri Nijeriya.
Igisagara ca Lagos, muri Nijeriya.

Ibisagara bibiri bikomeye muri Nijeriya - Abuja na Lagos biriko biritegurira kwugara imirimo mu kwirinda ko umugera wa Corona ukwirakwira.

Itangazo ryo gushira ivyo bisagara mu bihe bidasanzwe ryashikirijwe na Perezida Muhammadu Buhari kuri uyu wa mbere.

Ibikorwa vyari bisanzwe bikorerwa mu bisagara vya Lagos, Abuja na Ogun hafi ya Lagos vyitezwe guhagarikwa imisi 14 guhera mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere.

Kuva aho ibikoresho vyo gupima Corona bishikiye muri Nijeriya mu ndwi iheze, abapimwa bariyongereye kandi n’abanduye barushiriza kwiyongera.

Mu gihe abarenga ijana bamaze kumenyekana ko banduye muri Nijeriya, abategetsi bariko barakorana n’inguvu zidasanzwe kandi bavuga biteguye gufata ingingo zikomeye kugira bagenzure ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG