Uko wahagera

Ingingo zo Kurwanya COVID-19 Muri Zimbabwe Zatanguye


Abagabo bambaye ivyo kwikingira umugera wa Corona i Harare, ku murwa mukuru wa Zimbabwe, kw'itariki 30/03/2020.
Abagabo bambaye ivyo kwikingira umugera wa Corona i Harare, ku murwa mukuru wa Zimbabwe, kw'itariki 30/03/2020.

Abanyazimbawe batanguye kwubahiriza amategeko abahimiriza kuguma mu ngo zabo mu ntumbero yo kugabanya ikiza c'umugera wa corona.

Igihugu ca Zimbabwe uyu musi ku wa mbere catanguye gushira mu ngiro ingingo zizomara imisi 21, zihimiriza abanyagihugu kuguma mu mazu yabo, inyuma y’aho igihugu kibanyi ca Afrika y’Epfo, gifatiye ingingo zikomeye cane mu ntumbero yo kugwanya ikiza corona.

Yamara mu gihugu ca Zimbabwe ntivyabaye nko mu gihugu ca Afrika y’Epfo aho abanyagihugu batari bake bagararije izo ngingo, bigashika n’aho batana mu mitwe n’abapolisi. Muri Rusangi Abanyazimbabwe, bubahirije izo ngingo, baguma mu ngo zabo.

Igihugu ca Zimbabwe, kimaze kubonekamwo abantu indwi bafise umugera wa corona hamwe n’umuntu umwe amaze kuhasiga ubuzima.

Ku murwa mukuru Harare, amabanki; ibiro vya reta hamwe n’amamangazine vyari vyugaye.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi, Paul Nyathi yagabishije abanyagihugu bidogera amamangazine yugaye, ababwira kw’amategeko atomoye kandi kw’uwuzoyarenga, azohagarikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG