Uko wahagera

Indege Yahitanye Abantu 8 Muri Filipine


Philippine Airlines

Indege yo muri Filipine yari itwaye umurwayi aremvye kuvurirwa mu Buyapani yarahiye iriko irava ku kibuga c’indege ku murwa mukuru Manille, ihitana ubuzima bw’abantu umunani bose bari muri yo.

Iyo ndege yari itwaye umurwayi hamwe n’uwari amurwaje, abaganga hamwe n’abayikoramwo i Haneda, mu Buyapani, nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi Croix Rouge muri Filipine, Richard Gordon.

Ntibiramenyekana nimba uwo murwayi yoba yari yaranduye umugera wa Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG