Uko wahagera

USA: Abantu Bashika Ibihumbi 100 Bashobora Kwicwa na Corona


Anthony Fauci, Umuyobozi w'ikigo c'Amerika kijejwe ingwara zandukira.
Anthony Fauci, Umuyobozi w'ikigo c'Amerika kijejwe ingwara zandukira.

Umuhinga akaba anarongoye ikigo kijejwe ingwara zandukira muri Reta y’Amerika, Anthony Fauci, yashikirije kuri uyu w’Imana ko abanyamerika 100000 canke barenga bashobora kuzokwicwa n’ikiza ca Corona. Ni ukuvuga abarenga incuro 50 ugereranije n’abo kimaze guhitana.

Fauci yiganiye Televiziyo CNN yo muri Amerika ko abanyamerika baharurwa mu mamiliyoni bashobora kwandura mu gihugu cose, aho kuri uyu w’Imana abategetsi baharura abarenga 124000 bamaze kwandura hamwe n’abarenga 2100 bamaze gupfa.

Perezida Donald Trump ku musi wa gatandatu yari yashikirije iciyumviro c’uko hofatwa ingingo ko abanyagihugu mu bice bisinzikaye cane nk’igisagara ca New York, reta ya New Jersey n’iya Connecticut boguma mu mazu bose. Ariko mu nyuma yaciye yisubirako kuri ico ciyumviro.

Hambavu y’ivyo, abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu muri Amerika bahamagarira amamiliyoni y’ababa mu bisagara binini binini bibamwo abantu benshi kuguma mu ngo zabo, no kwirinda kwegerana n’abandi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG