Uko wahagera

Rwanda: Abanduye Umugera wa Corona Bashitse kuri 70


Reta y’u Rwanda yatangaje kuri uyu w’Imana ko habonetse abandi bantu bashasha 10 banduye umugera wa Corona. Ibi bikaba bishikanye ku gitigiri c’abantu 70 bamaze kugaragara ko bawufise mu gihugu.

Nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Rwanda, muri abo 10 bashasha, batandatu baje bava i Dubai, babiri baje baturuka muri Afurika y’Epfo, umwe muri Nijeriya, uwundi umwe yagize ingendo zitandukanye mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Ubwo bushikiranganji buvuga kandi ko abo bose baciye bashirwa mu kibanza ca bonyene. Abo barwayi bose bariko bavurirwa mu kibanza cabigenewe kandi bariko baroroherwa, nkuko bibandanya bishikirizwa na reta.

Rwanda Corona Virusi
Rwanda Corona Virusi

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG