Uko wahagera

Rwanda: Abanduye Umugera wa Corona Bashitse kuri 40


Umukozi wo mu gisata c'amagara y'abantu mu Rwanda afata ibipimo vy'ingenzi ku gituro ca bus i Kigali. Kw'italiki 22/03/2020
Umukozi wo mu gisata c'amagara y'abantu mu Rwanda afata ibipimo vy'ingenzi ku gituro ca bus i Kigali. Kw'italiki 22/03/2020

Reta y’u Rwanda yatangaje kuri uyu wa kabiri ko habonetse abandi bantu bashasha 4 bapimwe basanga baranduye umugera wa Corona. Ibi bikaba bishikanye ku gitigiri ca 40 bamaze kuwandura mu gihugu cose.

Nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Rwanda, abo 4 bashasha, babiri binjiye mu Rwanda baturutse i Dubai, umwe yaturutse i Buruseli mu Bubiligi, uwundi umwe yatahuye ko yahuye n’uwundi yagaragayeko umugera wa Corona mu Rwanda.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko izo ngenzi ziherutse kwinjira mu Rwanda, zitangura gupimwa no gushirwa mu kibanza ca bonyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG