Uko wahagera

Nyamugigima Muri Korowasiya mu Bihe vy'Ubwoba bwa Corona


Ivyononwe na Nyamugigima yo kuw'Imana muri Korowasiya kw'itariki 22/03/2020
Ivyononwe na Nyamugigima yo kuw'Imana muri Korowasiya kw'itariki 22/03/2020

Inyuma y’aho reta ya Korowasiya itegekeye ko ata bantu barenga babiri bakwiye kugendera hamwe mu gukinga ko ikiza ca Corona gikwirakwira, ico gihugu catigitishijwe na nyamugigima y’igipimo ca manyitide 5.5.

Abategetsi bavuga ko umurwa mukuru Zagreb ari wo wasinzikaye cane, ariko nta muntu yahasize ubuzima. Iyo nyamugigima yumvikanye sa kumi na zibiri z’agatondo kuri uyu w’Imana.

Abanyagihugu bavuga ko badahangayikishijwe n’umugera wa Corona igihe batazi ko batekaniwe mu mihana yabo.

Abategetsi bo baguma basaba ko bakwiye kuguma bubahiriza amabwirizwa bahawe kandi ko ata bantu bakwiye kwegerana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG