Uko wahagera

Irani Yanse Imfashanyo y'Amerika yo Kurwanya Corona


Umutegetsi kizigenza wa Irani Ayatollah Ali Khamenei ashikiriza ijambo kuri televiziyo i Teherani, muri Irani. Kw'itariki 22/03/2020
Umutegetsi kizigenza wa Irani Ayatollah Ali Khamenei ashikiriza ijambo kuri televiziyo i Teherani, muri Irani. Kw'itariki 22/03/2020

Umutegetsi kizigenza wa Irani Ali Khamenei yashikirije kuri uyu w’Imana ko igihugu ciwe kitazigera cakira imyashanyo iyo ari yo yose yo kurwanya ikiza ca Corona/COVID19 ivuye mu gihugu c’abansi, atumbereye kuvuga Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Khameini avuga ko ata kwizera Amerika kuko ngo ishobora kwinjiza mu gihugu ciwe umuti ata kindi uzokora atari ukwongereza uburakari bw’uwo mugera.

Iran ni kimwe mu bihugu vyakozweko cane n’uwo mugera hamwe n’Ubutaliyano, Esupanye, Ubushinwa.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yafatiye ibihano Irani, yashikirije kw’itariki 29 z’ukwezi kwa kabiri ko Amerika yiteguye gufasha Irani kurwanya uwo mugera mu gihe abategetsi b’ico gihugu bobisaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG