Uko wahagera

ONU Igabisha ko Umugera wa Corona Ushobora Kwica Amamiliyoni


Antonio Guterres
Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres yagabishije amakungu kuri uyu wa kane ko amamiliyoni y’abantu bashobora kwicwa n’ikiza ca Corona/COVID19 mu gihe ayo makungu atokorera hamwe mu kukirwanya.

Guterres asaba ibihugu guterera ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS, amafaranga yo gufasha ibihugu bitishoboye kurwanya uwo mugera.

Kuri uyu wa kane OMS yatangaje ko yaronse intererano y'amafaranga ingana imiliyoni 675 z’amadolari yo gufasha mu mezi atatu ari imbere. Ariko yavuze ko hakenewe ayandi mu gihe ibihugu uwo mugera ugezemwo bibandanya vyiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG